Obama yateye ivyatsi ubwicanyi bw'i Charleston

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwukekwa, Dyllan Roof

Ivyo perezida Obama abishikirije inyuma y'ifatwa ry'uwukekwa mu gitero caraye kibaye mw'isengero ry'aba Methodistes ryo muri Calorine du Sud.

Mw'ijambo ryaciye kuri terevisiyo, gatoyi inyuma y'aho igipolisi kimenyeshereje ko cafashe uwo gikeka, bwana Obama yavuze ko ubwicanyi buhitana abantu benshi ikivunga nk'uko, ata buba mu bindi bihugu biteye imbere.

Yateye ivyatsi ivyo yise ubwicanyi butagira insiguro bwabaye aho Charleston, aho igipolisi cavuze ko bwatururtse ku caha c'urwanko.

Igipolisi cari kimaze kumenyesha ko Dyllan Roof, afise imyaka 21 ariwe akekwa ko yakoze ico gitero cahitanye abantu 9.

Yafatiwe mu modokari ageze kure cane, ahantu hagendwa amasaha uvuye kuri iryo sengero rya Charleston ryatsinzwemwo abantu bari mu masengesho n'ijoro.

Bavuze ko ico gitero cagabwe kubera urwanko rufatiye ku macakubiri y'urukoba.

Igipolisi cemeza ko uwo muntu yamaze isaha aho imbere mw'isengero ari mu masengesho imbere yo kurasa.

Mu bo yahitanye harimwo umupasitori waho, Clementa Pincnkney.