Ibitigiri vy'impunzi birarenze infashanyo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Miriyoni 60 kw'isi mu mwaka uheze bari impunzi

Ivyo umukuru wa HCR yabishikirije mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari riramutse risohora ibiharuro vyerekana ko abantu bakuwe mu vyabo n'intambara bageze ku gitigiri kitari bwaboneke, aho mu mwaka uheze baharurwa mu miriyoni 60.

Uruja n'uruzak'uburasirazuba bwo hagati ngo rwatumye infashanyo zitagikwira.

Icegeranyo c'ishikurwanya ubukene, Development Initiatives, cerekana ko n'ubwo infashanyo zegeranywa muri rusangi zaduze ku rugero rutari bwaboneke.

Ngo mu mwaka uheze habonetse infashanyo ziciye miriyaridi 24.5 z' ama dorari , ngo akenshi iyo hatewe akamo ko kuzongera ntikitabirwa nk'uko bikwiye.