Kuki mu Burundi bahagaritse gutanga ibitabo vy'inzira?

Image caption Umukuru wa PAFE mu Burundi, Jimmy Hatungimana .

Uwurongoye igipolisi kijejwe abinjira n'abasohoka Jimmy HATUNGIMANA asigura ko vyatewe n'uko amamashini ya mudasobwa bakoresha yuzuye bategereza kuzikora.

Abari batonze ku biro vy'igipolisi kijejwe kugenzura abinjira n'abasohoka, bahamagawe guhabwa ivyari bimaze kuboneka, abandi basubizwa inyuma.

Abashasha bari bagiye gusaba ivyo bitabo vy' inzira, babwiwe ko ata bashasha basubira kwakirwa.

Kuva muri uwo mwanya hari nk'igihe c'isaha zitanu ,haciye hatangura gukwiragira inkuru haba mu bari batonze muri kigo ca PAFE canke ku mbuga za Internet nka facebook, eka na whatsApp na twitter, ko ata muntu n'umwe agiye gusubira kuronswa impapuro kugira ngo ntihagira uwusubira kuva mu gihugu.

Muri ivuyo bihuha vyavurwa kandi ko mbere kuva kuri uyu wa gatanu ngo n'imbibe z'u Burundi zigiye kugarwa.

Uwurongoye PAFE, OPC1 Jimmy Hatungimana yavuze BBC ko bahagaritse kwakira abantu bashasha mu kiringo c'iminsi ibiri gusa kugira baruhurire ama machine bakoresha nkuko bari basanzwe babikora.

Jimmy Hatungimana aremeza ko kuva mu ntango z'uno mwaka igitigiri c'abasaba ivyangobwa vy' inzira ciyongereye ku rugero rudasanzwe.

Kuva kuva hatanguye imyiyerekano y'abiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza, Abarundi barenga ibibumbi 70 baramaze guhungira mu bihugu vy'u rRwanda, Congo na Tanzania.