Impunzi z'Abarundi zikebura abanyaporitike

Image caption Impunzi za Nyarugusu ngo zibana zicucikiranye

Impunzi zo mw'ikambi ya Nyarugusu zivuga ko umunsi w' tariki 20 z' ukwa gatandatu, kuri bo n'aho wibukwa, ari umunsi ubabaje kuko kwitwa impunzi atari vyiza.

Bamwe muri izo mpunzi babwiye BBC ko bifuza gushikana ubutumwa ku banyaporitike n'abandi bose bakeneye inyungu zabo, ngo bavyure umtima w'ikigongwe.

Izo mpunzi zikebura abafise ivyo barwanira ngo bareke guharira ku buryo butuma abantu baja mu buhunzi.

Ubuzima babayemwo muri iyo kambi ya Nyarugusu ngo buragoye cane, aho usanga imirynago ibiri canke itatu ibana mu kazu kamwe.

Ku bewabo ngo ibihugu bitera amatati atuma abanyagihugu bavyo bata bakomoka vyari bikwiye gufatirwa ingingo n' ishirahamwe mouzamakungu ONU.