U Rwanda rwababajwe n'ifatwa rya Gen Karenzi Karake

U Rwanda ruvuga ko ifatwa rya Lt Gen Karenzi Karake ribabaje cane Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption U Rwanda ruvuga ko ifatwa rya Lt Gen Karenzi Karake ribabaje cane

U Rwanda rwavuze ko rubabajwe cane kandi rwatangajwe n'ifatwa ry'umukuru w'urwego rw'iperereza, yafatiwe i London ku bijanye n'itohoza rya Espagne ku vyaha vyo mu ntambara.

Lt Gen Karenzi Karake yagirizwa kugira uruhara mu bwicanyi bwa nyuma ya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, akaba agomba kurenguka imbere ya sentare mu mpera z'ino ndwi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'u Rwanda n'amakurungu, Louise Mushikiwabo, yanditse ku rubuga rwiwe Twitter ko "ugukorana kw'ibihugu vya Buraya mu gusiga iceyi abanye Afrika bidashobora kwihanganirwa."

Yongeyeko ati "ni akamaramaza gufata umutegetsi w'u Rwanda akekwa ibinyoma vya nyuma ya genoside."

Uwahoze ari umushingamateka mu Bwongereza, Andrew Mitchel, asanzwe ari mu bitwa "abakunzi b'u Rwanda", yavuze ko ifatwa rya Gen Karake rifise imvo za politike.

Bwana Mitchel yongeyeko ati "... n'iyunze n'ivyavuzwe na Amerika y'uko ibimenyetso biri mu birego bishinjwa aba bantu bidashobora kwizerwa."

Inshigano z'ubutungane

Ubwongereza, busanzwe bufitaniye ubucuti na leta y'u Rwanda, bwavuze ko bufise inshingano zo kwubahiriza ubutungane mu gufata bwana Karake.

Espagne yatanguje uru rubanza mu 2008, ariko abanyamakuru bavuga ko hari impungenge ku bimenyetso bitangwa mu vyagiriji.

Hakurikijwe amasezerano y'ibihugu vya Buraya yo guhanahana impfungwa canke abakekwa (European Arrest Warrant), uwufashwe agomba gushikirizwa igihugu kimurondera mu masaha 48, igihe kitarengwa akaba ari iminsi mirongo icenda.