27 baguye mu gitero cy'iterabwoba muri Tunisia

Inzego z'umutekano zishe zirashe umugabo witwaje imbunda. Uwufise ububasha kw’isanamu tnn
Image caption Inzego z'umutekano zishe zirashe umugabo witwaje imbunda.

Abantu byibura 27 baguye mu gitero cy'iterabwoba cyagabwe ahantu hakundwa n'abamukerarugendo muri Tunisia.

Abantu biyoteraga izuba n'abandi bari bagiye kwoga bumvise urusaku rw'amasasu maze bakwira imishwaro igihe icyo gitero cyagabwaga.

Inzego zishinzwe umutekano zishe zirashe umuntu umugabo witwaje imbunda ariko ntabwo byari byamenyekana niba nta bandi bafatanije.

Icyo gitero cyagabwe mu mujyi wa Sousse, ni icya kabiri gishegeshe ubukerarugendo muri Tunisia mu mezi make ashije.

Mu kwezi kwa gatatu k'uyu mwaka, intagondwa z'abayislamu zishe zirashe abantu barenga 20 mu nzu ndangamurage ya Bardo mu murwa mukuru Tunis.