Abarwanyi mu buseruko bwa Kongo bishe abantu 8

Abarwanyi ba ADF bagirizwa kuba bamaze kwica abantu amajana ane mu karere ka Beni mu mezi icenda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi ba ADF bagirizwa kuba bamaze kwica abantu amajana ane mu karere ka Beni mu mezi icenda

Igitero c'abarwanyi mu buseruko bwa republika iharanira demokrasi ya Kongo cahitanye abanyagihugu batanu n'abasirikare batatu.

Ubwo bwicanyi bwabereye hafi y'umuji wa Beni, bwagirijwe abarwanyi b'abanye Uganda bo mu mugwi ADF.

Bagirizwa kandi kuba barishe abantu bashika amajana ane mu mezi icenda aheze.

Abanyagihugu baho bashavuriye leta y'umukuru w'igihugu Joseph Kabila, bakavuga ko yananiwe kubakingira.