Tevez yashikanye Argentine mu ca kabiri

Carlos Tevez yagize umunsi mwiza cane Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Carlos Tevez yagize umunsi mwiza cane

Carlos Tevez yinjije penaliti ya Argentine yakuyemwo Colombia, ikaba igiye mu ca kabiri ca Copa Amerika.

Argentine yarasatiriye cane umukino wose, ariko umunyegoli wa Arsenal, David Ospina, yavyifashemwo neza cane ahindura ubusa amahirwe ya Sergio Aguero, Lionel Messi na Nicolas Otamendi.

Baciye bitabaza za penaliti mu gihe umwanya w'urukino waheze ari ubusa ku bundi, umunye Colombia Jeison Murillo ananiwe, Tevez aca arinjiza urukino ruhera ari 5-4.

Argentine izoca ihura na Brezil canke Paraguay mu ca kabiri c'ihiganwa kuwa kabiri.

Wabaye umunsi mwiza kuri Tevez, kuko yinjiye mu rukino asimbura mu gihe amakuru y'uko yaguzwe n'umugwi w'iwabo Boca Juniors avuye muri Juventus, yari amaze kwemezwa.