Babiri baraye bishwe mu Burundi

Ubwicanyi umunsi umwe imbere y'uko haba amatora y'abashingamateka mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwicanyi umunsi umwe imbere y'uko haba amatora y'abashingamateka mu Burundi

Abantu bashika babiri baraye bishwe mu Burundi, mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo habe amatora yateje impari.

Abavuga ko bavyiboneye, bavuga ko abo bantu baguye mu gitero c'inkoho na grenade bavuga ko cagabwe n'abapolisi.

Vyabereye mu karere k'umurwa mukuru Bujumbura kagwiriyemwo abashigikiye abatavuga rumwe na leta.

Kuwa gatandatu abantu bitwaje ibriwanisho baturiye ibiro vy'amatora hamwe n'impapuro zo gutorerako mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.

U Burundi burangwamwo uruhagarara cane cane mu bice bimwe vy'umurwa mukuru Bujumbura, kuva aho Prezida Pierre Nkurunziza yemangiwe n'umugambwe CNDD FDD ko azowuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu.