Burundi: Abitebiriye amatora barenga 70%

Amatora mu Burundi
Image caption Amatora mu Burundi

Mu Burundi, umurwi w'igihugu w'igenga utegura amatora CENI umenyesha ko igikorwa co guharura ivyavuye mu matora y'abashinagamateka n'abajenama b'abakomine yabaye ku munsi w' ejo carangiye, ubu bariko batororokanya ivyavuye mu mihingo yose y'igihugu kugira bashikirize icegeranyo c'ivyavuyemwo.

Mu murwi CENI bamenyesha ko muri rusangi amatora yagenze neza aho mbere ngo ibiharuro vya mbere vyerekana ko abarundi bitabiriye amatora barenga 70% , kandi basanze hari n'imigambwe itavuga rumwe na leta yamenyesheje ko yavuye mu matora.

Ariko mu murwi w'igihugu wigenga utegura amatora CENI bamenyesha ko ku biro vy'amatora ibihumbi 11493 biri mu gihugu cose, igikorwa co guharura caraye kirangiye.

Prosper Ntahorwamiye umuvugizi w 'umurwi CENI avuga ko ico gikorwa cagenze neza uretse muri komine Mukike mu bumanuko bw' igihugu, aho abantu bitwaje ibirwanisho bagerageje gutera umuduga warutwaye amasandugu y'amatora , hakomereka abasirikare batatu ariko ngo uwo muduga washoboye gushika .

Umuvugizi wa CENI ameyensha ko muri kino gihe ibiharuro biriko vyegeranirizwa ku mirwi itegura amatora ku rwego rw'amakomine n'intara ,munyuma CENI ikazoca ishikiriza icegeranyo ku rwego rw' igihugu.

Prosper Ntahorwamiye amenyesha kandi ko mu gikorwa co guharura basanze kandi hari abanyagihugu batoye imigambwe itavuga rumwe na leta kandi bari bamenyesheje ko bavuye mu matora banahamagariye abanywanyi bayo kutitabira amatora.

Aha agatanga akarorero ku runani rw'abigenga Amizero y'abarundi ruserukiwe na Agathon Rwasa.

Prosper Ntahorwamiye avuga ko ayo majwi bazoyaharura kandi n'intebe zizovamwo bazoziha urwo runani rw'abigenga

Amatora y'abashinagmateka n'abajenama b'amakomine yo kuri uyu wa mbere hahiganwa umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, umugambwe UPRONA, FNL irongowe na Jacques Bigirimana, hamwe n'urunani COPA ruhurikiyemwo imigambwe 10.

Umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, Pascal Nyabenda aravuga ko amatora yagenze neza cane, ko abantu bavyitabiriye mu mahoro no mu mutekano mugabo ko kubera uburyo bushasha bwakoreshejwe hari amajwi yabaye impfabusa kuko abatama n'abatamakazi batamenye aho irangi rija ku gikumu ryari riri ngo batore.

Naho Jacques Bigirimana ukuriye umugambwe FNL we akavuga ko amatora yagenze neza hose, gusa ngo hari amajwi yatanguye gutangazwa mu maradiyo aha amajwi menshi UPRONA n'urunani COPA bitandukanye n'ivyo abarorerezi babo bari babonye.