Burundi:LONI yanenze amatora

Abatora mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abatora mu Burundi

Indorerezi z'umuryango w'abibumbye zanenze amatora y'abagize inama nshinga mategeko n'abajyanama b'amakomini yabaye mu Burundi ku wambere.

Izo ndorerezi zavuze ko uburyo bwari mu gihugu butari bubereye amatora asesuye kandi abereye bose.

Ayo matora atitabiriwe n'amashyaka akomeye, yabaye mu ibyo LONI ivuga ko wari umwuka w'ubwoba mu bice bimwe by'igihugu.

Hari abantu bishwe mu Burundi Perezida Nkurunziza amaze gutangaza ko azaharanira kuyobora u Burundi ku nshuro ya 3 na nyuma y'igikorwa cyo gushaka guhirika ubutegetsi.