Ubugereki ntibuvuga neza abo busaba ingurane

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji w'Ubugereki ajejwe ikigega , Yanis Varoufakis

Abagereki buca baja muri kamarampaka yo kwanka canke kwemeza niba ico gihugu cokwemera ingingo gisabwa n'abagiha umwenda.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru ca Espagne, El Mundo, Yanis Varoufakis, yagirije 'iterabwoba' abashaka guha ingurane Ubugereki.

Yavuze ko bifuza ko abanyagihugu b'Ubugereki batora 'ego', kugira bateshe agaciro Abagereki.

Yavuze kandi ko amabanki azosubira kwugurura ku munsi wa kabiri muri ico gihugu, uko bizogenda kwose muri ayo matora y'ejo.

Impande zompi, baba abashigikiye "ego" cane abashaka "oya", ejo barangije isekeza mu gutunganya imyiyerekano.