Iran ifise ivyo isaba ngo ifashe kurwanya IS

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Javad Zarif mu biganiro i Vienne muri Autriche

Bwana Zarif ivyo yabitangaje muri video ku rubuga rwa Youtube, ari Vienne, ahariko habera ibiganiro kuri Iran.

Ivyo biganiro bifise intumbero yo kugabanya irwizwa vy'inguvu za nucleaire, kugirango ibone kugabanirizwa ibihano vy'ubutunzi.

Umwe mu bategetsi bo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko n'ubwo abarwanyi ba "Islamic State" ari abansi bahuriyeko na Iran, intumbero y'iyo nama y' i Vienne ngo ni ikibazo c'inguvu za nucleaire za Iran gusa.