Ubugereki muri kamarampaka

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGES
Image caption Ibiharuro vy'igendera vyerekana ko abashaka "oya" bari hafi na hafi n'abashaka "ego"

Igihe yatora ubwiwe, umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras yavuze ko ata n'umwe akwiye kwirengagiza ubugombe bw'abanyagihugu.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta, Yanis Varoufakis, yavuze ko uno munsi ari umunsi w'icizere ku mugabane wa Buraya wose.

Reta y'Ubugereki yahimirije abanyagihugu bayo gutora "oya", aho ivuga ko ingingo yasabwe kubahiriza ari izo kubatesha agaciro.

Ariko abategetsi b'ishirahamwe rya Buraya, n'abateye kubiri na reta mu Bugereki, bavuga ko guhakana izo ngingo bishobora gutuma ico gihugu kiva mu murwi b'ibihugu bikoresha ifaranga rimwe Euro.