Abenshi batoye oya muri kamarampaka y'Ubugereki

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatoye 'oya' batanguye kwigina intsinzi mu Bugereki

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abahakana ingingo ico gihugu gisabwa n'abashaka kugiha ingurane ubu bari imbere y'inama nshingamateka kwigina ko "oya" ariyo yaronse amajwi menshi.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta Yanis Varoufakis, yavuze ko ubu azogerageza kumvikana n'ikigega mpuzamakungu FMI n'ibanki nkuru y'ishirahamwe rya Buraya, ndetse n'inama y'Ubumwe bwa Buraya mu kugerageza nk'uko abivuga, 'gusomora ibikomere'.

Leta y'Ubugereki yahamagaje iyo kamarampaka yizeye ko niyo abanyagihugu bayo banka ingingo isabwa bizoyongerereza inkomezi mu biganiro n'abayiha ingurane.

Ariko hari abibaza ko bishobora gutuma ahubwo ico gihugu gikurwa mu karere gakoresha ifaranga rimwe Euro.