Syria isugereje abayirwanya muri Zabadani

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Syria ifashwa na Hezbollah yo muri Libani

Abasirikare ba Syria bafashwa muri ico gitero n'umuhari Hezbollah wo muri Libani.

Uwo muhari wemeza ko abarwanyi bawo binjiye mu gace k'uburengero bwa Zabadani, hafi y'urubibe na Libani.

Ico gitero kiri mu vyatanguwe kuva mu mayinga aheze, mu ntumbero yo gukura imirwi irwanya leta ya Syria mu misozi iri hagati y'umuji wa Damasi n'urubibe rwa Libani.