Ibitero vyahitanye 44 muri Nigeria

Image caption Ibitero vyuabaye Jos birerwa Boko Haram

Kimwe mu bisasu vyaturikijwe, caguye mu nzu yo kwivuniramwo umusase yuzuye abantu.

Inyuma y'umwanya mutoyi, hatewe umusigiti.

Humvikanye amasasu mu bantu bari hanze y'uwo musigiti imbere y'uko umwiyahuzi yituritsa.

Umunyamakuru wa BBC ariho avuga ko bishoboka ko uwo musigiti woba watumberewe kubera umwigisha w'idini yaneguye Boko Haram yariko yigisha muri wo.

Ivyo bitero biregwa Boko Haram, kimwe n'ibindi vyagabwe mu ndwi iheze, vyahitanye abantu batari munsi y'amajana abiri.