Ubugereki: Varoufakis yatanze imihoho

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yanis Varoufakis, umushikiranganji w'ikigega ca leta w'Ubugereki.

Bwana Varoufakis yavuze ko yamanye ko hari bamwe mu bagize akarere gakoresha ifaranga rya Euro batamushaka mu manama y'abashikiranganji.

Ku munsi w'Imana uwo mushikiranganji yagirije abo bategetsi ba Buraya iterabwoba, no gushaka gutesha agaciro Abagereki.

Inyuma ya kamarampaka y'ejo kuw'Imana, umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras yakomeje kubonana n'abategetsi b'imigambwe mu gihugu.

Bwana Tsipras ariko asobanurira abo bategetsi b' imigambwe umugambi afise mu kumvikana n'abashaka gutanga ingurane yo kuramira ubutunzi bw'Ubugereki.