Londres iribuka ibitero vyo kuwa 7/7/2005

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ibitero vyagabwe muri 2005 vyatumberejwe ama bus na train

Imiryango y'abaguye muri ivyo bitero bari mu misa yo kubibuka muri Cathedrale yitiriwe Paul mweranda.

Imbere y'aho, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yashize urugori rw'amashurwe ku cibutso c'abazize ivyo bitero muri Hyde Park, igihe nk'ico igisasu ca mbere caturikiye ko.

Ibisasu vyaturikijwe mu babinza bine vy'amayira ya gari ya moshi yo mu kuzimu no ku ma bus.

Mw'ijambo ryo kwibuka imyaka icumi ico gitero kibaye, bwana Cameron yavuze ko Ubwongereza butazokangwa n'iterabwoba

N'umukuru w'urwego rw'ipererza ryo hagati mu gihugu MI5, Andrew Parker, adakunze kuvuga ku mugaragaro, yashikirije ijambo, aho yavuze ko urwo rwego rukora buri munsi mu gukinga ko haba ico yise ikibazo gikomeye muri sosiyete no ku mutekano.