Igitero cahitanye 11 mu buraruko bwa Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Akarere ka Mandera kari ku rubibe na Somalia

Abapfuye bikekwa ko bari abakozi bo mu kibanza gicukurwamwo amabuye mu karere ka Mandera.

Ababa aho mu gace ka Mandera babwiye BBC ko bumvise ibintu 2 biturika, bigakurikirwa n'urwamo rw'amasasu, nk'isaha indwi n'ijoro.

Hafi y'ahabereye ico gitero, nko ku metero 300, hasanzwe hari ikambi y'igisirikare.

Nta murwi n'umwe uriyitirira ico gitero.

Ariko ibigo vy'itangazamakuru vya Kenya bikeka ko ari umurwi Al shabab woba wagavye ico gitero uturutse hanze y'urubibe.

Igitero nk'ico cagabwe mu kwa 12 umwaka uheze cahitanye abantu barenga 36 aho mu karere ka Mandera nyene.