OMS ngo ntishoboye gutabara mu biza

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ebola yahitanye aabantu benshi mu burengero bwa Afrika

Iryo shami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu OMS, ngo ntirigira ubushobozi n'umuco wo guhangana n'ibibazo vyihuta vy'amagara y'abantu kw'isi.

Abantu barenga ibihumbi 11 barahitanywe n'ico kiza ca Ebola, hafi ya bose muri Guinee, Sierra Leone na Liberia.

Ico cegeranyo cakozwe na Barbara Stocking, yahoze ari umuyobozi w'ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam, yasanze uburyo ibikorwa vya OMS vyo gutabara muri ico kiza ca Ebola, vyabangamiwe n'ibura ry'uburyo no kutamenya gusangira amakuru n'ayandi mashami y' ishirahamwe ONU.