Imigambi y'Ubugereki ku butunzi iracitezwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alexis Tsipras yemeye kugera ejo yamaze gutanga imigambi yiwe.

Ico cifuzo bwatanze ni nk'uko bwateye intambwe ya mbere mu nzira yo gushika ku mwumvikano wo kuramira ubutunzi bw'ico gihugu, bitarenze ku munsi w'Imana.

Umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras yari yavuze ko Ubugereki buzoshikiriza ejo, abo mu karere ka Euro, imigambi itomoye yerekana uburyo ico gihugu kizosubiramwo gutunganya ubutunzi bwaco.

Bwana Tsipras yari yahawe akaruru na bamwe mu bagize inama nshingamateka y'Ubumwe bwa Buraya, abandi bamuha amashi, igihe yavuga ko abanyagihugu biwe bihagaze ko imbere y'isekeza ryacishwa mu binyamakuru ribahatira kugondozwa.

Umukuru w'umurwi w'ishirahamwe rya Bulaya, Jean Claude Junker, yamaze kugabisha ko bamaze gutegura uko vyogenda Ubugereki bibaye ngombwa ko buva mu karere ka Euro.