Rwasa yanse intebe 21 yaraye ahawe.

Image caption Agathon Rwasa

Umurwi w'igihugu ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI, ejo watangaje ko urunani rwa Agathon Rwasa, ruza mu kibanza ca kabiri inyuma y'umugambwe uri kubuetegetsi, waronse intebe 77, mu matora y'abashingamateka.

Ariko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Agathon Rwasa, yavuze ko amajwi yatangajwe na CENI, ari ivyateguriwe hamwe n'uwo murwi ufadikanije na Leta.

Agathon Rwasa yagirije ibihugu vy'akarere ko vyananiwe guhagararira amasezerano ya Arusha vyafashije Uburundi gushikako.

Atunga agatoki abo bategetsi b'akarere ka EAC, kuko ngo bananirwa gusokorora ururimi iyo hageze kuvuga ku kibazo c'ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.

Ntiyavuze nimba azokwitaba canke atazokwitaba amatora y'umukuru w'igihugu akwirikira.