FIFA yaciye burundu Chuck Blazer

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Chuck Blazer, uyo w'amarori

Umurwi ujejwe kwihweza imico myiza muri FIFA rwatangaje ko Chuck Blazer ashobora gukumirwa mu bikorwa vyose vyerekeye umupira w'amaguru.

Bwana Blazer yabwiye umurwi ujejwe gutohoza w'urwego rwa leta zunze ubumwe za Amerika FBI ko we n'abandi bo mu rwego nyobozi rwa FIFA bemeye gufumbatishwa.

Aho ngo hari mu gihe co gutora Afrika y'epfo ngo yakire inkino z'igikombe c'isi zo mu 2010.

Yemeye kandi ivyaha icumi kurenganya hakoreshejwe amayeri, kwinjiza kuma konte amafaranga afise inkomoko mbi, no gukwepa gutanga ma tagisi.

Bwana Blazer yigeze guserukira amashirahamwe yo mu buraruko no hagati ku mugabane wa Amerika, yavuze ko yahaye abategetsi ibimenyetso bigaragaza ruswa muri urwo rwego rwa FIFA, kugira yirinde urubanza rwo gupfungwa imyaka 70.