Imigabane mu Bushinwa yongeye kuduga

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC CHINESE
Image caption Agaciro k'imigabane kari kamaze igihe kamanuka mu Bushinwa

Abajejwe kugenzura ubutunzi bw'ico gihugu batanguye amatohoza ku coba carateye kugurisha imigabane kubera hari abibaza ko igiye guta agaciro.

Leta vyabaye ngombwa ko ifasha incuro zitatu guhagarika irindimuka ry'agaciro k'imigabane ku masoko mu kiringo c'indwi zitatu gusa.

Umukuru w'igisata c'igishinwa muri BBC avuga ko iki kibazo catumye umugambwe uri ku butegetsi 'Communist Party', ugaragaza ibihengeri.

Ngo zimwe mu ngingo wafata, aho gufasha zatuma ibintu biyangara.

Kugurisha imigabane ku masoko amwe amwe vyahagaritswe.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko ivyabaye ku masoko y'Ubushinwa vyerekanye ko iyo soko igifise intambwe ikeneye gutera.