Ingingo z'Ubugereki zitezwe uno munsi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ababikura amafaranga bakoresha imashini

Izo ngingo zitangwa kugirango abatanga ingurane ku Bugereki babone kubwizera, gutyo buhabwe igice kigira gatatu c'amafaranga yo kuramira ubutunzi.

Umuvugizi wa leta y'Ubugerekiyavuze ko ariko akora uko ashoboye kose kugirango Ubugiriki bushobore kumvikana n'ababuha ingurane, gutyo bave mu madidane.

Ivyo Ubugereki buja gushikiriza bija kwirwa n'abashikiranganji bajejwe ibigega imbere y'inama y'abakuru b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya izoba ku munsi w'Imana.

Amabanki y'Ubugereki azoguma yugaye muri iyi minsi yose isigaye iyi ndwi, ariko abategetsi b'Ubugereki bavuga ko amafaranga ahari akwiye muri za mashini abantu bakoresha mu kubikura.

Ayariho ngo ashobora kubashikana kuwa mbere w'indwi iza.