Uganda:Besigye na Mbabazi barekuwe

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Amama Mbabazi

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Amama Mbabazi, yari yafatiwe i Jinja, igihe yari mu nzira aja kubonana n'abamushigikiye mu muji wa Mbale.

Ejo igipolisi ca Uganda cari casohoye itangazo, kivuga ko Mbabazi ataremerwa gukoresha amakoraniro, n'ubwo ngo yari yabibamenyesheje.

Mbabazi yifuza guhiganwa mu mugambwe uri ku butegetsi NRM, mu matora y'intango yo guhitamwo uwuzohiganwa mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Kizza Besigye, umwe mu banyapolitike batawe muri yompi

Uwundi yari yatawe muri yompi ni colonel Kizza Besigye, yigeze guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu incuro gatatu.

Besigye nawe nyene yari agiye gutanguza imyiyamamazo y'umugambwe wiwe FDC, ku matora yo gusorongora mu bazowuserukira mu ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Uwufasha Besigye yabwiye BBC ko bamujanye mu gasho ka polisi kari hafi yo mu rugo iwe.

Bwana Besigye nawe ahiganwa n'uwahoze ari umugaba mu gisirikare, general Mugisha Muntu, kuzohagararira umugambwe FDC mu matora yo mu 2016.

Kuri uno mugoroba vyahavuye bmeneykana ko abo banya politike bompi bahavuye barekurwa, barataha.

Abayoboke ba Kizza Besigye bari biriwe imbere y'agasho yari apfungiyemwo, bavuga ko bahava ari uko yidegenvya.

Besigye na Mbabazi bompi bari akadasohoka na perezida wa Uganda Yoweri Museveni, ubu amaze ku butegetsi imyaka 30.