Burundi: Igitero mu ntara ya Kayanza

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Igitero cagabwe mu kayanza, ngo carimwo abavuye mu Rwanda

Buramatari w'intara ya Kayanza yemeza ko habaye uruhagarara muri komine Kabarore, kubera amasasu menshi yumvikanye mur'ako gace.

Buramatari Canesius Ndayimanisha aremeza ko abateye aho muri komine Kabarore baje bava mu Rwanda kandi hari abishikanye ku gisirikare.

Yabwiye BBC ko yarungitse intumwa ahabereye ico gitero kugirango amenye inkuru y'imvaho.

Ariko yemeza ko mu bishikanye muri abo bateye, bavuga ko baje bava iRwanda.

Ntiyemeza aho baje bava neza, ariko ngo hari hamaze iminsi hari uruja n'uruza mu karere ka nyungwe hakurya y'urubibe.

Buramatari Ndayimanisha avuga kandi ko ataramenya neza nimba ari Abarundi canke Abanywanda.