Abongereza batanguye kuva muri Tuniziya

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abantu 38 barishwe mu ndwi zibiri ziheze, Sousse muri Tunisia

Abongereza barenga 3000 bari basanzwe mu karuhuko aho muri Tuniziya, ibigo bifasha mu gutunganya ingendo z'indege biriko birabafasha kuronka indege zibasubiza mu gihugu muri iyi minsi ibiri.

Na leta ya Irland imaze kugabisha abanyahugu bayo kutagendera ico gihugu ca Tuniziya, ariko Ubufaransa n'Ubudage ntaco biravuga.

Ibi bibaye inyuma y'indwi zibiri, umuyoboke w'umurwi wiyitirira leta ya ki isilamu, agavye igitero ku musenyi ku nkengera z'amazi, kigahitana abantu 38, abenshi b'ingenzi z'Abongereza.