Burundi: Amashure yongeye gufungura

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Kubera umutekano mucye, abanyeshure barajya kwiga nta mpuzu z'ishure

Amashure y’intango n’ayisumbuye ari mu bice biheruka kuberamwo imyiyerekano hiryo na hino mu Burundi, cane cane mu gisagara ca Bujumbura, aramaze gutangura ivyigwa icese kuva ku munsi wa mbere uheruka.

Amashure yo mu ma Komine yo mu gisagara ca Bujumbura yabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza igiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, yari amaze igihe gishika ku mezi abiri adakora kubera imvo z’umutekano.

Hamwe na hamwe abanyeshure ntibaratonda bose. Ariko aho BBC yashoboye gushika nko mu Nyakabiga, mu Bwiza, mu Buyenzi no mu Cibitoke, abanyeshure bari tatonze kuri uyu wa gatatu.

Ku ishure Independante ryo muri Komine Rohero, Umuyobozi w’iryo shure, Appolinaire Bizimana, yabwiye BBC ko ubu ibintu bimeze neza.

Kwiga nta myambaro y'ishure

Mu gihe hari haciye amezi ashika kuri abiri ishure Independante ridatanga ivyigwa, uwo muyobozi avuga ko bamaze gutunganya uburyo buzotuma ivyigwa vyacererewe bitangwa vyose.

Umunyamakuru wa BBC Gahuzamiryango uri i Bujumbura, aravuga ko abo banyeshure nta mwambaro w’ishure ubona bambaye. Umuyobozi w’ishure yasobanuye ko imvo ari iz’umutekano.

Ku rindi shure rito, Stella Matutina, mu gisagara ca Bujumbura, ryoryo rimaze indwi zitatu ritanguye amashure ukuri kwamye nk’uko umuyobozi waryo Marie Claire Inamahoro yabitangarije umunyamakuru wacu. Yavuze kandi ko gushika ubu abana bose batonda ku ishure.