Isuka yamushikanye ku kirimba kwa Obama

Image caption Fabiola Nizigiyimana

Fabiola Nizigiyimana, n'umwe mu bandi Barundi barenga ibihumbi 10 bahoze ari impunzi muri Tanzania, bagize amahirwe yo kuba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Abo Barundi nka bose bahabwa ubufasha mu gihe gito kiri hagati y'amezi atatu n'atandatu, ahasigaye bagatangura kwibako nk'abandi Banyamerika.

Abenshi muri bo nta mashure abafasha guhiganwa kw'isoko ry'akazi bari bafise, icibagiwe co n'umwuga bahabwa n'impamyabushobozi.

Ivyegeranyo bitandukanye vyakozwe kuri abo Barundi imbere yo kwimurwa, vyahuriza ko abari munsi ya 20 % muri bo aribo bari bazi gusoma no kwandika mu rurimi rumwe canke nyinshi.

Nka bose bari batunzwe n'umwuga wo kurima, abandi bake cane bari bafise amashure, bakaba bakora ibikorwa vy'ubuvuzi, kwigisha n'ubundi buzi bubayabaye mu bigo vyabafasha muri ayo ma kambi nka UNHCR.

Abarundi bati: "Ugenda utabaza ugasaza utamanye", Fabiola Nizigiyimana yakomeje kurondera uburyo yosahirizwa n'umwuga yari azi kurusha iyindi -uburimyi.

Avuga ko ico kibazo yagitura buri munsi amapatiri bo kw'isengero ryiwe, bari bamwegereye, abasaba na ntaryo kumurangira aho 'yokwiterera uturengarenga'.

Image caption Fabiola Nizigiyimana aja kurimira kure y'aho aba

Hageze igihe ico kibazo ciwe, abo bapatiri baja ku gitura abandi, begera umwe mu barimyi babigize umwuga, yari afise amatongo kure y'aho Fabiola Nizigiyimana yaba, mu gisagara ca Worsester, muri leta ya Massahussets.

Amaze guhuzwa n'umukenyezi w'umurwizatunga, Maria Moreira, Fabiola Nizigiyimana yahawe igice gito co kurima umwaka wa mbere, co kimwe n'iyindi miryango igera kw'icumi yasabiye, yari azi ko basangiye ikibazo c'amikoro make.

Ariko ngo benshi bararamuhakanira kongera kurima, kuko bibaza ko atari wo mwuga wobatunga aho muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Inyuma y'imyaka itatu, Fabiola Nizigiyimana yahavuye akomeza kwagura ubutaka yari yahawe mu gutanga amafaranga kuri uwo murwizatunga yamusembereye.

Uretse ko yahavuye aronka muri ubwo burimyi, uburyo bwo gufungurira umuryango atunze nk'umuvyeyi umwe w'abana batanu, Fabiola Nizigiyimana, avuga ko isuka yamushikanye kuri vyinshi.

Avuga ko ivyo arimye abishorera mu masoko y'uburimyi mu gisagara ciwe ca Worsester.

Muri ubwo burimyi yashoboye gusaba ingurane yo kubaka inzu.

Isuka kandi, avuga komushikanye aho benshi bumva nk'indoto.

Ako gateka ko gushika ku kirimba kwa perezida Obama ngo si ko konyene yatahanye, yemeza ko urwu rugendo rwatumye abona nawe ubwiwe ko ashobora guhinduka umurimyi wo kurwego rukomeye, kuko yamenye inzira ashobora gucamwo mu kurondera umutahe.

Umutima wo gufashanya n'abandi no kugira akamaro mu kibano, ngo nico catumye mu mwaka w'2014 atorwa mu mboneza zitarenga 15, bise "champions of change", batewe agateka na perezida Barack Obama ubwiwe.