Abakuru ba Al Shabaab 2 bishwe na drones

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ibitero vya drones bimaze guhitana bamwe mu bategetsi ba Al shabaab

Ivyo bitero vy'indege zitagiramwo umudereva (drones) vyagabwe mu bumanuko bw'igihugu.

Abanyagihugu bo hafi ya Baardeheere mu gace ka Gedo, bavuga ko bumvise ikintu giturika cane mu mutwenzi wo kuri uno wa kane.

Abarwanyi bo mu murwi Al Shabaab ngo baciye bihutira kuja ahiciwe abo bategetsi babo.

Baardheere ni kimwe mu bisagara bigisigaye bigenzurwa na Al shabaab.

Ariko ingabo z'Ubumwe bwa Afrika n'igihugu ca Somalia zitera zihasatira.

Abategetsi benshi muri Al Shabaab barishwe mu bitero vy'indege nk'izo za Leta zunze Ubumwe za Amerika muri iyi myaka iheze.