Yahize intambwe none nawe arahirwa

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Intambwe Cecil, yakundwa cane muri Zimbabwe

Uwo mugabo bikekwa ko yahereye abajejwe gucungera ibikoko muri Park ya Hwange, ibihumbi birenga mirongo itanu vy'ama dorari, kugirango bice iyo ntambwe bita Cecil.

Umwe mu baharanira gukingira ishamba cimeza, Johnny Rodrigues, yabwiye BBC ko hariko hakorwa itohoza.

Yavuze ko iyo ntambwe, Cecil, yarashwe hakoreshejwe imwampi n'umuheto, imbere yo gukererwa izosi igakurwako urusato.

Cecil yari izwi cane kuko ariyo yakwega ingenzi muri iyo park ya Hwange.

Kimwe n'ibindi bihugu vyo muri Afrika, Zimbabwe iracahanganye n'ikibazo co kugabanaya uruhigi rutubahirije amategeko, rubangamiye ibikoko vyarwo vyo mw'ishamba.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Cecil yakwega ingenzi kurusha ibindi bikoko

Gukoresha umuheto ngo bituma abakora be n'ubwo bubisha badafatwa nk'uko bwana Rodrigues abivuga, kuko ngo umwampi utavuza urwamo.

Ariko ngo biboneka ko iyo ntambwe yahizwe amasaha 40 inyuma yo kuraswa umwampi, kuko itashotse irwa aho, ikicishishwa amasasu.

Babiri mu bajejwe gucungera amashamba barafashwe.

Iyo ntambwe yari ifise ivyana 6, kuko ngo iyindi ntambwe nshasha iri muri uwo murwi izoca ivyica nk'uko biri muri kamere kazo, kuko ziba zishaka kuvyara ivyazo.