Obama yahanuye Ethiopia

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Perezida Obama aramukanya na Hailemariam Desalegn

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru, perezida Obama yavuze ko yaganiriye n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemariam Desalegn, aho yavuze ko ngo bayaze mu bwisanzure bwuzuye.

Perezida Obama avuga ko ico gihugu kizokwongerwa inkomezi n'uko amajwi yose canke impande zose zitezwe amatwi.

Bwana Hailemariam yavuze ko ishaka ry'igihugu ciwe mu gutsimbataza demokarasi rigaragara, atari agaheyiheyi.

Perezida Obama yashimye ariko intambwe Ethiopia imaze gutera mu butunzi bwayo, iterambere no guterera mu mutekano w'akarere.