Burundi: Rwasa na Nditije baracari kumwe ?

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Rwasa Agathon mu ngoro y'amakoraniro mu Kigobe, hafi yiwe intebe zigaragara z'abo mu Mizero y'Abarundi

Mu bashingamateka bitabiriye ivyo bikorwa, harimwo Agathon Rwasa, yaserukiye urunani 'Amizero y'Abarundi' muri aya matora aheruka.

Agathgon Rwasa yari yakomeje kuvuga ko aya matora ataciye mu nzira ibereye kandi ko atigeze yemererwa kwiyamamaza nk'uko bikwiye, ko rero atari amatora yemewe.

Ariko Nticabujije ko Agathon Rwasa n'abandi bari kumwe mu runani 'Amizero y'Abarundi' bagera kuri 18, baboneka muri bimwe mu bibanza 30 vyagenewe urwo runani.

Abajijwe igituma yagiye mu rwego rwavuye mu matora atemera, Agathon Rwasa yavuze ko atari kugabira abanyagihugu batanze ayo majwi.

Avuga kandi ko azokomeza ibiganiro ku bitagenze neza, ariko ngo afise aho avugira aho mu nama nshingamateka.

Ariko Charles Nditije, aturuka mu murwi w'umugambwe UPRONA utemewe na leta, ntiyabonetse ku ngoro y'amakoraniro mu Kigobe kumwe n'abandi bo mu murwi wiwe bagera kuri 11.

Gusa Charles Nditije yemeza ko ivyo bidasobanura ko yavavanuye na Agathon Rwasa bari kumwe mu runani 'Amizero y'Abarundi'.

Kuri we ngo ntazibana zidakubitana amahembe, ngo ivyo badahurizako na Rwasa bazokomeza kubiganira.