CNDD-FDD isaba ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abanywanyi ba CNDD FDD

Ivyo biri mu butumwa bwo gukeza umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza ku ntsinzi yaronse mu matora aheruka buri ku ruburwa rw'umugambwe wiwe CNDD-FDD.

Guhindura ibwirizwa nshingiro ngo vyotanga ubushobozi bwo gushira mu ngiro, ishingwa rya leta y'ubumwe nk'uko biri mu vyasabwe n'inama y'abakuru b'ibihugu vy'akarere ka Afrika y'ubuseruko.

Ivyo ngo vyotuma hatongera kuba ikibazo nk'icabonetse mu mwaka wa 2005, igihe perezida Pierre Nkurunziza yifuza gushira muri leta yiwe abo mu yindi migambwe ariko abatavuga rumwe na we bakabihakana kuko ngo bitari vyubahirije ibwirizwa nshingiro.

Ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi riteganya ko abagize leta bava mu migambwe yaronse n'imiburiburi 1/5 c'intebe mu nama nshingamteka.

Mu nama nshingamateka y'ubu, nta wundi mugambwe n'umwe washikanye ivyo bibanza, atari CNDD-FDD.

Urunani 'Amizero y'Abarundi' rwaserukiwe na Agathon Rwasa, rwaronse ibice 21% vy' intebe mu nama nshingamteka, ariko si umugambwe, rwagiye mu matora rurimwo abigenga.