Mullah Omar yoba atakiriho?

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Mullah Omar

Abategetsi bakuru muri leta hamwe n'abajejwe umutekano babwiye BBC bakeka ko ivyo bivurwa vyoba ari vyo, kandi ko yoba amaze imyaka ibiri canke itatu yarapfuye.

Kugez'ubu aba Taliban ntaco baravuga.

Haraciye imyaka Mullah Omar atabonetse.

Amakuru y'aho yoba ari aje mu gihe himirije ibiganiro hagati ya leta ya Afghanistan n'aba Taliban mu minsi mike iri imbere.