Abimukira bari Calais baravurwa mu Bwongereza

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Calais mw'ijoro ryakeye

Umukuru nfatakibanza w'umugambwe w'aba travaillistes, Harriet Harman, yavuze ko bwana Cameron yari akwiye kwibuka ko abo yariko aravuga ari abantu, atari udukoko.

Umukuru wa Loberal Democrat, Tim Farron, yavuze ko abo bimukira ari abantu bihebuye, bamwe muri bo banapfuye bazira gushaka gushika mu Bwongereza.

Bwana Cameron ari mu rugendo muri Vietnam, aho yavuga ku kibazo c'abimukira bamaze amajoro 3 bagerageza kujabuka ku cambu ca Calais, ngo binjire mu nzira yo munsi y'ubutaka ijabuka mu Bwongereza.