Aba Taliban basubirije Mullah Omar

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Ibiganiro vyari biteganijwe ejo hagati ya leta ya Afghanistan n'aba Taliban vyigijweyo.

Uwo nawe ni Mullah Mansour, yari asanzwe ari icegera c'umugaba w'uwo muhari.

Ariko hari ababwiye BBC ko igenwa ryiwe ritazoshimisha abandi bategetsi bakuru bo mu murwi w'aba Taliban, harimwo uwurongoye ishami ryawo rya gisirikare.

Ngo bari gushima ko Mullah Omar asubirirwa n'umuhungu wiwe, bakagiriza abacuditse na Pakistani ko babahatiyeko Mansour.

Pakistani ivuga y'uko ibindi biganiro mu kiringo kigira kabiri hagati y'abahanganye muri Afghanistani, vyari biteganijwe gutangura ejo aho bukera, vyigijwe yo aho bimariye kumenyekana ko umukuru wabo Mullah Omar atakiriho.