Rwasa mu buyobozi bw'inama nshingamateka

Image caption Kuva ibubanfu bwawe hari Agathon Rwasa, Pascal Nyabenda, na Edouard Nduwimana.

Mu bagize ivyo biro harimwo Agathon Rwasa, umwe mu batavuga rumwe na reta arongoye urunani rw'abigenga 'Amizero y'Abarundi.

Urwo runani rwari rwaronse intebe 30 mu matora y'abashingamateka, ariko indongozi zarwo zikavyiyamiriza zivuga ko batigeze bitabira amatora.

Ikindi kandi ngo n'ivyavuye mur'ayo matora ntibavyemera.

Aho ni mugihe uwo bari bafatanije kurongora urwo runani, Charles Nditije, n'abashingamateka bari kumwe, bavuga ko badashobora kuja mu nzego zavuye mu matora batemera.

Mu kibanza c'umukuru w'inama nshingamateka hatowe Pascal Nyabenda asanzwe arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Mu matora ata n'umwe bariko barahiganwa, yatowe n'abashingamateka 101 ku 121 bari mu ngoro y'amakoraniro mu kigobe.

Agathon Rwasa nawe arongoye urunani rw'abigenga 'Amizero y'abarundi', yatowe n'abashingamateka 108, kuba icegera ca mbere c'umukuru w'inama nshingamateka.

Icegera ca kabiri nawe ni EDouard Nduwimana, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu.

Nabo nyene nta n'umwe bariko barahiganwa muri ivyo bibanza bitojemwo.

Agathon Rwasa agiye gukorana vya hafi n'abantu yahora avuga ko aribo bashize igihugu mu kaga.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, we yamwagiriza ko ariwe yamwatse uburongozi bw'umugambwe wiwe FNL.

Mw'ijambo ryiwe rya mbere imbere y'inama nshinamateka, umukuru w'urwo rwego Pascal Nyabenda yamenyesheje ko uretse gushira imbere ineza y'abanyagihugu babizeye, bazonarengera ibibatandukanya bakore bumvikana.

Kuva mu 2005, bubaye ubwa mbere hatorwa ibiro vy'inama nshingamateka itagiramwo umugore. Ingingo yahora ibitegeteka mu mategeko yagenga inama nshingamateka yahahora yabanje gukurwamwo imbere y'uko hemezwa amategeko mashasha.

Bamwe mu baserukira amashirahamwe y'abagore bavuga ko ari ugusubiza inyuma ikibanza c'umugore mu gutunganya ivy'igihugu n'ubwo abagore basanzwe bafise nibura intebe 30 kw'ijana mu nama nshingamateka.