OMS irashima urucanco rwa Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ebola yahitanye 11000 muri Guinee

OMS imenyesha ko isi yari igeze hafi cane yo kubona urucanco rushobora guhangana n'iyo ngwara y'ikiranduzi.

Urwo rucanco rwageragejwe ku bantu igihumbi gatoyi inyuma yo kubona uwuri hafi yabo yanduye Ebola.

Inyuma y'iminsi icumi, nta n'umwe muri abo bari bacandazwe yigeze agaragaza ibimenyetso vya Ebola.

Urwo rucanco ntiruremerwa, ariko ibikorwa vyo kurukwiragiza ibiriko birategurwa.

Abantu barenga 11 000 bahitanywe na Ebola muri Guinee Conakry kuva yaduka mu kwa 12 mu 2013.