Abanyamulenge baneguye itorwa rya Rwasa

Image caption Agathon Rwasa, kumwe n'abamurinze umutekano

Abo banyamurenge bavuga ko gutora Rwasa mu nana nshingamateka ari icemezo kidakwiye ku muntu baregwa uruhare mu bwicanyi bwabaye mu Gatuma.

Aho hari mu kwezi kwa munani 2004, aho Abanyamulenge barenga 160 bagandaguriwe mw'ikambi yari obacumbikiye.

Umuyobozi w'ishyirahamwe ry'abanyamurenge barokotse ubwo bwicanyi, Olivier Mandevu, yavuze ko kuba Agathon Rwasa yahawe umwanya mu nzego zo hejuru, bitazobabuza gukomeza kumukwirikirana.

Ico uwo muryango uzokora ngo n'ugukomeza guter'igitutu leta y'Uburundi, bifashishije ibihugu bikomeye nka Amerika n'abandi.

Nayo ku kibazo c'uko azoba afise ubudahangarwa, Olivier Mandevu, avuga ko icaha cakozwe mu Gatumba we asigura ko cujuje ibimenyetso vyose vyo kwitwa ihonyabwoko.