Abarundi basabwa gutekana inyuma y'urupfu rwa A Nshimirimana.

Gen Adolphe Nshimirimana yafatwa nka bitumwako w'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu no credit
Image caption Gen Adolphe Nshimirimana yafatwa nka bitumwako w'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza

Mw'ijambo yaraye ashikirije kuri radio na televiziyo y'igihugu, umukuru w' igihugu Pierre Nkurunziza, yasavye abanyagihugu kwigumya bakaguma batekanye.

Yabagabishije ko kwihora bishobora gutuma bacanamwo bigahiytana inganda.

Umukuru w'igihugu kandi yahaye ikiringo c'indwi imwe inzego z'umuteknao ngo zibe zafashe aabkoze ubwo bwicanyi.

Abantu bataramenyekana abo ari bo, barashe igisasu ca rokete ku muduga Gen Nshimirimana yarimwo, mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura hafi y'aho bita Garre du Nord, nko mu ma saa mbiri z'igitondo kuri uyu wa Mungu.

Gen Adolphe Nshimirimana yari umwe mu bahanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu c'u Burundi.

Bivugwa ko yari bitumwako wa Prezida Pierre Nkurunziza, ngo akaba kandi ari mu bantu bapfubije igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi riheruka mu gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza.

Adolphe Nshimirimana yarabaye umukuru w' ibiro bikuru vya gisirikare, aratwara urwego rujejwe iperereza mu Burundi, ubu akba yari umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu.