General Adolphe Nshimirimana ni nde?

Uwufise ububasha kw’isanamu no credit
Image caption General Adolphe Nshimirimana

Ayo mabanga yari ayarimwo kuva mu kwezi kwa 11 mu mwaka uheze.

Yayagenywemwo yari amaze hafi imyaka icumi ariwe ajejwe ibiro bikuru vy'iperereza.

Imbere yayo yari yarabaye igihe gito icegera c'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare.

Willy nyamitwe umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu avuga ko General Adolphe Nshimirimana yari somambike wa perezida Nkurunziza, mbere yari mu bantu Pierre Nkurunziza yambitse umudari w'icubahiro c'igihugu kubera ibikorwa yaranguye.

Ubucuti bwabo n'ubugenzi bwabo hagati yiwe na perezida Nkurunziza bwari bwatanguye mu 1995.

Uwo mwaka niho Pierre Nkurunziza yafata akayira ko kuja mu muhari CNDD FDD wari wafashe ibirwanisho ngo urwanye leta y'ico gihe.

Ariko General Adolphe Nshimirimana we yari asanzwe ari mu mu bantu ba mbere batanguje uwo muhari inyuma y'igandagagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993.

General Adolphe Nshimirimana yabaye mu bantu bategetse ingabo z'uwo muhari, gushika habe amasezerano yo guhagarika intambara hagati yawo na leta y' Uburundi mu 2003.

Niwe yari ajejwe ibiro bikuru vyawo, mu gihe Pierre Nkurunziza yari umunyamabanga mukuru muri uwo muhari.

Adolphe Nshimirimana yarenza imyaka mirongo itanu y'amavuko yarabaye igihe kitari gito mu Rwanda ari naho mbere yize amashure yisumbuye.

Uretse amabanga y'igihugu, general Adolphe Nshimirimana yari azwi cane mw'ikaritiye avukamwo ya Kamenge mu buraruko bushira ubuseruko bwa Bujumbura.