Inama ya CNARED yabereye Ethiopia igamije iki?

Image caption Ibendera y' Uburundi

Urwo runani - Conseil National pour le respect de l'accord d' Arusha et la restauration d'un etat de Droit au Burundi- rwavutse mu nama iherutse Addis Abeba mu mpera z'iyi ndwi.

Iyi nama yitabwe n'imigambwe itavuga rumwe na leta itandukanye, bamwe mu bahoze ari abakuru b'ibihugu hamwe n'amashirahamwe atandukanye.

Iyi migambwe n'amashirahamwe adashigikiye ikiringo ca gatatu ca perezida Petero Nkuruniza, yatoye Leonard Nyangoma nk'indongozi y'iyo nama CNARED.

Mu kiganiro yahaye BBC, Leonard Nyangoma yavuze ko inyuma yo kwihweza ibibazo Uburundi burimwo, biyemeje gukomeza kuvyumvisha amakungu.

Nayo ku ntambwe abona igihugu kirimwo muri kino gihe agereranije no mu 1993 aho yashinga umuhari wo gugarukana demokarasi inyuma y'urupfu rwa perezida Melchior Ndadaye, Nyangoma avuga ko ibihe bisa ariko bitangana.

Yemeza ko hatewe intambwe mu kurwanya umugera w'amoko ariko ngo inda ndende ijana nawo iracariho.

Ku ruhande rwa leta y'Uburundi urunani CNARED ngo si urwego bazi canke boganira

Uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, willy Nyamitwe, yavuze ko ata rwo bemera kuko ngo abo bishize hamwe ata kindi bifuza tari ukubangamira umutekano w'igihugu.