Ubwicanyi buri mu Burundi bukorwa na nde?

Image caption Abapolisi b' i Buurndi

Inyuma y'iminsi itatu harangwa ubwicanyi n'urwamo rw'ibigwanisho mu gisagara ca Bujumbura, igipolisi c'uburundi kivuga ko hamaze gupfa nibura abantu batandatu.

Muri iryo tangazo ryasomewe abamyemeyeshamakuru, umuvugizi w'igipolisi n'ubushikiranganji bujejwe umutekano Pierre Nkurikiye avuga ko ibigwanisho bimaze iminsi vyumvikana mu gisagara ca Bujumbura ari ivyo abantu b'inkozi z'ikibi nzo mu ma quartiers amwe y'igisagara ca Bujumbura.

N'ubwo abivuga gutyo, Pierre Nkurukiye muri iryo tangazo ntavuga ko hari umupolisi yoba amaze kuhagwa canke ngo ahakomerekere.

Nta n'ico avuga ku vyoba bimaze kwononekara mu gihe abapolisi baba bariko barivuna.

Eka n' ivyoba bamaze kuva mu bikorwa vyo gusaka ibigwanisho igipolisi gikora hafi buri munsi mu ma quartiers atandukanye, ntaco iryo tagazo ribivugako.

Iryo tangazo risohotse haheze iminsi itatu hishwe general Adolphe Nshimirimana yari umujana mu biro vy'umukuru w'igihugu n'uguhakwa kugandagura Perre Claver Mbonimpa w'ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ariko itangazo ryerekana muri ico gihe nyene hari abandi bantu nibura batanu bishwe mu gisagara no mu ntara ya Bujumbura rural.

Ubushikiranganji bujejwe ivyo biri mu matohoza yo kumenya ababikoze, bukagabisha ko muri abo harimwo ababa bambaye imyambaro y'abajejwe umutekano.

Umukuru w'igihugu yahaye inzego z'umutekano iminsi indwi kugira zibe zamenye abishe general Adolphe Nhsimirimana, ku munsi wa gatatu kuva agandaguwe, nta kiravugwa ku ho amatohoza ageze co kimwe no kugitero cakomerekeje Pierre Claver Mbonimpa bukeye.