Mu Buhinde 27 bahitanywe na gariyamoshi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Gariyamoshi 2 zaguye mu kibanza nka kimwe zisa n' izikurikirana

Abantu bagera ku 27 nibo bamaze kumenyekana ko baguye mur' ivyo vyago vyabareye nk'igihe kimwe.

Umushikiranganji ajejwe amayira ya gariyamoshi, Suresh Prabhu, yabwiye inama nshingamateka ko izo gariyamoshi zatemvye ahantu hari haraguye imvura nyinshi yateye imyuzuri.

Gariyamoshi zibiri zataye inzira zigeze ku kiraro, bimwe mu bipande vyazo birwa mu mazi.

Abantu baharurwa mu majana bashoboye gutabwarwa.