Igice c'indege catowe muri Reunion n'ica MH370

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipande catowe vyagaragaye ko ari ica MH370

Abahinga basuzumye ico gice c'ibaba ry'indege catowe mw'izinga ryo mw'ibahari Indiano bamaze kwemeza ko ari ic'iyo ndege.

Iyo ndege ya Malaysian Airliner, yazimiye mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze.

Umushikiranganji wa mbere Najib Razak yavuze ko leta yiwe ataco itazokora kugirango ukuri ku vyashikiye iyo ndege kumenyakane.