Abimukira barokotse ejo bageze mu Butaliyano

Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Abimukira bagera ku 600 baraye baguye muri Mediterrannee

Abakorera umuryango ujejwe gutabara imbabare Croix Rouge, babasangije aho bashikiye, amazi n' ibikoresho vyo kwa muganga.

Abarokotse baca bajanwa na bus mu bibanza bakirirwamwo mu bUtaliyano.

Ubwo bwato bikekwea ko bwari butwaye abimukira bagera ku 600, bwubamye igihe abarimwo babona ubwato bwa gisirikare bwa Irland buje kubatabara bakirukira ku ruhande rumwe.

Umuvugizi w'igisata c'igisiirkare kirwanira mu mazi muri Irland, capitaine Dav Barry, yavuze ko ubwato bw' uburovyo bwari bubatwaye bwarimwo abantu umurengera.

Mu barokotse harimwo abaturuka muri Syria.

Abacungera inkengera z'amazi mu Butaliyano bavuga ko n' ubu amato akirondera abimukira boba basigaye muri ako gace.