Itegeko rya Uganda ku mugenzo w'inkwano

Image caption Gukwa umugeni n'umugenzo igikunzwe muri Uganda

Abacamanza batoye ko umugenzo wo gutanga inka, igice c' itongo canke amafaranga iyo umugabo agiye gukwa, udateye kubiri n' ibwirizwa nshingiro.

Ariko rero ngo umugenzo wo gusubiza iyo nkwano mu gihe ababana bahukanye ukwiye gucibwa.

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko uwo mugenzo wabangamira abagore mu gihe bifuza gutandukana.

Abadashigikiye umugenzo wo gutanga inkwano bavuga ko utuma abagore bahohoterwa kuko bafatwa nk'abaguzwe n'abagabo babo.